NEWS

Donald Trump Yakuye Umukuru W’Urwego Rw’Iperereza FBI.

on

James Comey,Umukuru w’Urwego rujejeweguperereza ivyerekeye amakosa mpanavyaha wa Amerika, arirwo FBI( Federal Bureau Investigation), yahagaritswe mu kazi n’Umukuru w’igihugugu ca Leta Zunze ubumwe za Amerika Donald Trump ejo ku musi wa kabiri.

Amakuru ariko arakwiragira mw’isi akavuga ko Donald Trump yoba yakuye James Comey kugira Yugare amatohoza yariko arakorwa na FBI ko Uburyusiya bwoba bwaragize Uruhara mu matora ya Amerika muri Munyonyo 2016 maze bikaba vyarahhaye intsinzi Donald Trump.

Amakuru ava mu Bureau vya Maison Blanche,Trump yafashe iyo ngingo inyuma yo guhabwa impanuro n’Umucamanza Mukuru wa Amerika ariwe Jeff Session n’Icegera ciwe, Rod Rosestein.

Nkuko tubikesha Radio VOA, Umuvugizi wa Maison blanche, Sean Spicer, yavuze ko “Donlad Trump yamenyesheje James Comey ko yahagaritswe mu kazi kiwe no gukurwako amabanga”.

James Comey Yahora atwara FBI(Fedral Bureau Investigation)

Ayo makuru nyene akamenyesha ko ibikorwa vyo kurondera umukuru mushasha wa FBI vyari vyatanguye.

Ihagarikwa mu kazi rya James Comey ryatanganje benshi mu Bashingamateka n’Abakenguzamateka. Comey mu ndwi iheze yaheruka kwishura ibibazo y’Abakenguzamateka nimba mu vyukuri Uburusiya bwaragize Uruhara mu matora y’umukuru w’Igihugu ca Leta Zunze Ubumwe Za America mu mwaka uheze muri Munyonyo 2016.

Uyo yakuwe mu mabanga kandi yagirizwa na Hillary Clinton ko ariwe yatumye atsindwa igihe yasohora ikirundo cama emails y’amabanga y’Umugabwe w’Aba democrates hasigaye imisi mike ngo habe amatora,ivyo navyo Hillary akaba abona ko arivyo vyatumye atsindwa.

James Comey yari yashizweho na Barack Obama mu mwaka wa 2013 kandi akaba atari bwarangize ikiringo ciwe c’imyaka cumi,ariko Umukuru w’igihugu Donald Trump arafise Ububasha bwo gukura Umukuru wa FBI.

Recommended for you