INTERNATIONAL NEWS

Donald Trump: ‘Uwo wese azokorana urudandazwa na Iran azokwibonerako’.

on

Imigenderanire hagati ya Iran na leta Zunze Ubumwe za Amerika ibandanya yonenekara, mu gihe ivyo bihugu vyose bibandanya biterana amajambo yo gukangana nk’uko vyari bigize imisi biri hagatiya USA na Koreya ya Ruguru.

Trump inyuma yo kugabisha umukuru wa Iran, Hassan Rouhani, ko atohirahira ngo asotore Amerika, ubu hoho yahavuye agenda anagabisha ‘uwo wese yohirahira ngo ariko akorana urudandazwa na Iran…’inyuma y’uko Iran yafatiwe ibihano bikaze.

Donald Trump yamenyesheje kuri Twitter ati: “Ibihano vyafatiwe Iran vyagiye ahabona.Ibi ni ibihano bibabaza bitari bwafatirwe Iran…uwo ari we wese akorana urudandazwa na Iran NTAZIGERA akorana urudandazwa na leta Zunze Ubumwe za Amerika…Ndondera AMAHORO Y’ISI, nta bindi!</em>”.

Iyo ngabisho Trump yatanze ikaze ikaba yaje inyuma yo gufatira Iran ibihano bikaze. Ariko rero, leta ya Iran ibona ko ivyo bihano bije kugira bicemwo imice kubiri abanya Iran.

Recommended for you