INTERNATIONAL NEWS

Donald Trump Avuga Ko ‘Abigisha Bamwe Bamwe Bokwitwaza Inkoho’.

on

Mu gihe haheruka kuba ubwicanyi muri Leta ya Floride muri leta Zunze Ubumwe Za Amerika aho hiyadukije umuntu umwe arasa abanyeshure maze abanyeshure bashika 14 n’abigisha batatu barahasiga ubuzima abandi nabo barakomereka ,Umukuru w’ico gihugu , Donald Trump yamenyesheje ko vyoba vyiza ‘abigisha bitwaje inkoho kugira baze barabuza ubwo bwocanyi’.

Ivyo Trump akaba yabivugiye mu kiyago yariko agirana n’abavyeyi babuze ababo kuri iryo shure ryo muri Leta ya Floride; akaba yanamenyesheje ko hagiye kuba “ugusuzuma gukaze’ ku bantu bafise inkoho.

Donald Trump akaba yamenyesheje ati: “ Iyo mukaba mufise umwigisha afise ubumenyi mu bijanye no gukoresha ibigwanisho bicira umuriro, ico gitero cari guca gihagarikwa ubwo nyene bidatebaganye”. Trump akaba yamenyesheje ko n’imiburiburi abigisha ibice 20% bakwiye kumenyerezwa mu bijanye no gukoresha inkoho kugira baze baraburizamwo ivyo bitero.

Ariko rero iyo ngingo ya Trump abona ko yoja mu ngiro ntiyakiriwe na benshi, mbere bamwe bakaba barayiyamirije. Abigisha bo muri ico gihugu nibo bafashe intambwe ya mbere mu kwiyamiriza iyo ngingo ya Trump, nk’uko Eagle Tribune yabimenyesheje.

Recommended for you