INTERNATIONAL NEWS

Donald Trump Ashobora Gutuma ‘Amerika Ija Mu Ntambara ya Gatatu y’Isi Yose’.

on

Bob Corker, umuhinga akongera akaba n’umukenguzamateka mu mugambwe w’aba Républicains, ari nawe Donald Trump arimwo, yamenyesheje ko umukuru w’igihugu ca Leta Zunze Ubumwe Donald Trump ‘ashobora gutuma Igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika kija mu ntamabara ya gatatu y’isi yose’.


Uyo mukenguzamateka akaba yamenyesheje ko Trump ariko arabifata “nk’imikino”. Akaba yamenyesheje ko ubuyobozi bwa White House bugira uko bushoboye kugira bushobore “gutangira” Trump mu mvugo yiwe.

Ivyo Bob Corker akaba yabibwiye ikinyamakuru New York Times ejo ku musi wa mungu ko arajwe ishinga n’ingendo ya Donald Trump. “ Sinibaza ko amenya ko igihe cose umukuru w’igihugu ca Leta Zunze ubumwe za Amerika ashikirije ijambo rinaka rigira ingaruka zinaka mw’isi yose, na cane cane mu karere iryo
jambo ryerekejweko”,niko Bob Corker yamenyesheje.

Bob Corker aribaza igituma Trump yandika ubutumwa bunaka bwo kuri twitter butari bwo. “ Ndaziko buri musi muri maison blanche baguma bakora cane kugira bamutangire mu ngendo yiwe”, niko yamenyesheje.

Ivyo biri uko mu gihe Donald Trump aheruka kwandika ubutumwa ku rubuga rwiwe rwa Twitter amenyesha ko ‘intwaro zose za Amerika zarenganye zananiwe gukemura ikibazo ca Koreya ya Ruguru; akaba yaciye amenyesha ati: “…ikintu kimwe nico gusa kizokora [kuri Koreya ya Ruguru]. Abihweza ibintu n’ibindi bakabona ako ata kindi Donald Trumpa yamenyesheje atari igitero ca gisirikare kuri Koreya ya Ruguru.

Recommended for you