INTERNATIONAL NEWS

Donald Trump Ari Muyabira Inyuma Yo Guhayagiza Brigitte Macron Ko ‘Afise Umubiri Mwiza’.

on

Donald Trump mu rugendo arimwo mu gihugu c’Ubufaransa, yarashemagije Brigitte Macron,Umukenyezi w’umukuru w’igihugu c’Ubufaransa, Emmanuel Macron, mu majambo biboneka ko ataranga urupfasoni, arimwo ‘igishegu’ nkuko abanonosora imvugo bamaze kubishira ahabona.Donald Trump akaba yabwiye umukenuezi wa Emmanuel Macron ko “afise umubiri mwiza…ko ari mwiza cane”.

Brigitte Macron asanzwe afise imyaka yitereye, ubu afise imyaka 64, aho ni mu gihe umunega wiwe, Emmanuel Macron wewe afise imyaka 39. Donald Trump, uwufise imyaka 71, yama yahuye nivyo vyago vyo kuba avyifatamwo nabi ari kumwe n’abakenyezi;ivyo vyarashitse igihe yariko ariyamamaza mu mwaka uheze maze hasohoka ivideo yerekana ariko yigamba ko abakenyezi ashobora kubakorakora aho ariho hose ashatse, ivyatumye mbere asaba imbabazi.

Brigitte Macron, agira kabiri uvuye i buryo.

Inyuma yo gushika mu Bufaransa, Trump yararamukanije na Brigitte Macron hama avuga ati: “Urafise umubiri mwiza utoraba”….maze Trump arasubira kandi kumubwira ko Brigite Macron ari “mwiza cane”.Nkuko iyi nkuru ibivuga, inyishu Brigitte Macron yishuye ntiyatahuwe neza.

Iyo video yaciye ishirwa ku rubuga ngurukana bumenyi, maze abakoresha imbuga ngurukana bumenyi baca batangura kunebagura Trump ku mvugo ziwe zitaranga urupfasoni, ko zirimwo ibijanye n’ ‘igitsina’(sexiste).

Umwukoresha urubuga ngurukana bumenyi rwa #Twitter yanditse ati : “ #Trump kubona abwira umukenyezi wa Emmanuel Macron ko ‘afise umubiri mwiza’ nta kindi bishaka kwwerekana atari uko abagabo bashaka kwerekana aho bahagaze hagati yo gushemagiza no guhohotera abantu mu vy’igitsina”.

Recommended for you