INTERNATIONAL NEWS

Donald Trump Arashimira Africa Kubera Ko ‘Abagenzi Biwe Bajayo Hama Bagatunga’.

on

Mu nama idasanzwe ya ONU I New York, umukuru w’igihugu ca leta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump yararonse akaryo ko kuyaga n’abakuru b’ibihugu bamwe bamwe bo muri Africa. Muri ico kiyago, Donald Trump yaravuze ibimurimwo ku bijanye na Africa. Uburundi bwaserukiwe na Alain Aimé Nyamitwe, Umushikiranganji w’Uburundi n’ayandi makungu.

Muri ico kiganiro hagati y’abategetsi batari bake ba Africa ejo ku musi wa gatatu itariki 20 Nyakanga 2017, Umukuru w’igihugu ca leta zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, yarahishutse bagenziwe ba Afrika ko afise ‘abagenzi biwe baja muri Africa gukora ivy’ubudanadaji kandi bakaba abatunzi’. Trump yabamenyesheje ko Africa ari “ Ikibanza c’ubudandaji gikomeye” aho bamwe baza maze bagacika “abatunzi bakomeye”.

Trump yamenyesheje ati: “ Africa ni ikibanza gikomeye mu vy’Ubudandaji. Ndafise abagenzi banje batari bake baza mu bihugu vyanyu maze bakagerageza kuba abatunzi. Ndabashimira, bakoresha amafaranga menshi”.

Muri abo bategetsi ba Africa baganiriye na Trump harimwo Umukuru w’igihugu ca Africa y’Epfo Jacob Zuma na Muhammud Buhari wa Nigeriya. Ku bwa Trump, “amashirahamwe yo muri America, muri Africa ni ikibanza ayo mashirahamwe ategerezwa kuzamwo, kandi arabishaka”. Ivyo akaba yabivuze atavuze ibihugu binaka birimwo urwo rudandazwa rukomeye.

Trump akaba kandi yaragarutse ku kuntu ikibazo c’umutekano cabaye ndanse muri Africa ku buryo yemereye abo bakuru b’Ibihugu ba Africa ko Amerika izobandanya ikorana nabo mu kurwanya iterabwoba. Yaramenyesheje ko mu bihugu nka Centrafrique, Republika iharanira demokrasi ya kongo,Libya, Mali, Somalia na Sudani y’Epfo aho abantu “babayeho mu magume”.

Trump akaba yabamenyesheje ko vuba agiye kurungika umuserikizi wiwe wa Amerika muri ONU, Nikki Haley, muri Africa kugira ayage n’abategetsi ku bijanye nuko ingorane zihanze Africa zotorerwa umuti canke mbere zinirindwe.

Recommended for you