INTERNATIONAL NEWS

Donald Trump Aragabisha Iran ‘Kudasubira gutera Ubwoba Amerika’.

on

Inyuma y’aho hatanguriye kwaduka icuka kibi hagati ya Amerika na Iran, ubu hoho biragarara ko ivyo bihugu bibiri biriko bikora intamabra yo guterana amajambo no guterana ubwoba hagati yavyo.

Umukuru wa Amerika Donald Trump yavuze ubutumwa kuri twitter busa n’ubuja ku mukuru w’igihugu ca Iran, Hassan Rouhani, ko ico gihugu kirwiriyemwo aba islamu gishobora ‘kwibonerako ingaruka zitari bwibonekeze muri kahise’ mu gihe Iran yobandanya isotora Amerika.

Trump yanditse kuri twitter mu ndome nkuru ati: ” NTIWIGERE, KANDI NTIBIKABE, USOTORA LETA ZUNZE UBUMWE CANKE WIBONEREKO INGARUKA MBI ZITARI BWIGERE ZIBONEKA MURI KAHISE…NTITUKIRI IGIHUGU KIZOGUMA CIHANGANIRA AMAJAMBO Y’UBUSAZI ARANGWA N’AKARENGANYO HAMWE N’URUPFU. URAGABA”.

Imigenderanire hagati ya Iran na Amerika yarunyutse mu isi iheze aho ico gihugu cahangana n’imyiyrerekano yabashaka gutembagaza ubutegetsi bwa Hassan Rouhani, umukuru wa Iran. Iran ikaba yegetse yo myiyerekano kuri Amerika ko ariyo yayitunganije kugira ubutegetsi bwa Iran butemebagazwe. Amerika ikaba isanzwe itanabona kumwe ibibazo bimwe na Iran nko muri Syria, Israel,…

Bikaboneka ko ubu hari imigenderanire y’intamenwa hagati y’Uburusiya, Ubushinwa na iran, mbere ivyo bihugu bitatu bikaba birondera guhagarika ibijanye no gukoresha ifaranga rya Amerika ari ryo Dolari mu bijanye n’ubudandaji nk’igitoro kw’isi.

Recommended for you