INTERNATIONAL NEWS

Donald Trump Apanga Kubonana Na Kim Jong Un Muri Rusama 2018.

on

Inkuru yabonetse ko ije bitari vyitezwe ni amakuru yatangajwe n’abategetsi ba Koreya y’Epfo na Donald Trump ubwiwe, ko Donald Trump ‘yemeye ubutumire bwo kubonana na Kim Jong Un, umukuru wa Koreya ya Ruguru, mu mpera za Rusama 2018’, abo twokwita ko bankana urunuka uravye amajambo y’intambara baguma baterana.

Ivyo bishitse inyuma y’aho abategetsi ba koreya y’Epfo bakoreye urugendo muri Koreya ya Rugutru aho Kim Jong Un yemeye ‘guheba umugambi wiwe wo guhingura ibigwanisho ruhonyanganda igihe umutekano w’igihugu ciwe utobangamirwa na Leta Zunze Ubumwe za Amerika’.

Kim Jong Un akaba yaciye atekerera ‘ubutuma bw’ibanga’ izo ntumwa za Koreya y’Epfo zitamanyesheje kiretese gusa ‘bubanje kubwirwa Donald Trump’ buvuye kwa Kim Jong Un.Mu nama abatetegetsi ba Koreya y’Epfo na Amerika bakoze, hashitsweko ko ‘izinga rya Koreya ryovanwamwo buhere ibigwanisho ruhonyanganda…ariko ko ibihano Koreya ya Ruguru yafatiwe hamwe no gusugerezwa bikabije bizogumaho mu mwanya munaka’.

Ariko rero naho Donald Trump atanse ubwo butumire bwo kubonana na Kim Jong Un,bamwe mu bategetsi ba Leta ya Amerika, nk’umukuru w’iperereza rya Amerika, Dan Coats, amenyesha ko “afise amakenga cane”. Icegera ca Donld Trump nawe, Mike Pence akamenyesha ko ‘impagararo ya USA kuri Koreya ya Ruguru itazohunduka gushika hamaze kuboneka intambwe ziboneka zotuma haba ugusezera buhere ibigwanisho ruhonyanganda mw’izinga rya koreya, nk’uko France24 ibishira ahabona..

Recommended for you