NEWS

Domitien Ndayizeye Aragira Ico avuze Ku Cegeranyo Ca ONU Ku Burundi.

on

Icegeranyo ca ONU ku Burundi giheruka gusohoka cerekana ko mu Burundi habaye ubwicanyi bukabije( Crimes contre l’humanité), catumye bamwe mu bategetsi b’Uburundi bagira ico bashikiriza, na cane cane ko muri ico cegeranyo harimwo abari muri leta bagirizwa bari kumwe na bamwe mu batavuga rumwe na leta babwirizwa bose hamwe kurengutswa imbere y’Ubutungane mpuzamakungu CPI.

Leta y’Uburundi ibicishije kumuvugizi wayo akongera akaba umunyamabanga awayo, Phillipe Nzobonariba, yaramenyesheje ko ico cegeranyo c’abahinga ba ONU kirimwo amakosa kubera ko hakozwe amatohoza ku ruhande rumwe, na cane cane kuba hatohojwe kenshi ku baba hanze y’igihugu, na cane cane ababa mu makambi y’iimpuzni bahunze kuva Ndamukiza 2015.

Uwahoze atwara Uburundi,Domitien Ndayizeye, yagize ico amenyesha ku vyerekeye ukwo kutabona ibintu kumwe hagati ya Leta y’Uburundi n’abo bahinga ba ONU basohoye ico c`egeranyo.

Domitien Ndayizeye agira ati: Sinzi nimba abategetsi b’Uburundi bashaka gufata inzira yafashwe n’ibihugu vya Kenya canke Sudani ku bijanye na CPI. Nimba abategetsi b’Uburubdi babona ko bafise ukuri, nibagende muri CPI hama bisigure”.

Domitien Ndayizeye abandanya ati: “Abashatse gutembagaza Ubutegetsi, abatavuga rumwe na Leta hamwe n’abandi bategetsi, bose bazokwitaba nibahamagarwa na CPI kugira bisigure. Kureka kwitaba ubucamanaza bica vyerekana ko harico uba wiyagiriza”.

Recommended for you