NEWS

Didier Reynders: ‘Amatora y’Ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro yaranzwe n’iterabwoba…’

on

Icegera c’umushikiranganji wambere akongera akaba umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu w’Ububiligi, Didier Reynders, yamenyesheje ejo ku musi wa gatatu “uguhagarika umutima cane “kwiwe ku bijanye n’amatora yo guhinyanyura ibwirizwa shungiro mu Burundi.

Inyuma y’aho abatavuga rumwe na leta bamenyeshereje ko ayo matora ‘yaranzwe n’iterabwoba hamwe n’ubusuma’, Didier Reynders akaba yariyamirije “iterabwoba n’uruhamo bigizwe no guhagarika abanywanyi batavuga rumwe na leta hamwe no kunumya ibinyamakuru”.

Didier Reynders akaba yamenyeshe ko ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro mu Burundi rishobora gutuma ubwoko bumwe bumwe butitabwaho. ” Ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro rituma haba isubizwa inyuma y’ivyasinywe i Arusha ku bijanye no gukingira abantu b’ubwoko kanaka canke muri politike hamwe no gutuma ubuhuza mu biganiro bihuza Abarundi bihagarariwe na EAC biba impfagusa”.

Uyo mushikiranganji akaba yaragarutse ku kigenderanire y’Ubumwe bwa Afrika na ONU. “Bose baremeranya ko umuti umwe rudende ku ngorane zihanze Uburundi ari ibiganiro bidakumira ata kirinze gusabwa maze bagahamagarira abategetsi b’Uburundi gukora ibishoboka kugira habe uguhuza abanyagihugu“.

Recommended for you