NEWS

Desire Musharitse arahumuriza abarundi ko imigambi y’i Banki y’Isi yose k’Uburundi itahagaze

By

on

Inyuma yaho i Banki y’Isi yose yanditse ikete rihagarika imigambi irenga ine ikomakomeye nko kubaka ingomero z’umuyagankuba no gutezimbere gutwara abantu n’ibintu mu kiyaga Tanganyika, Desire Musharitse avugira ubushikiranganji bw’ikigega ca Leta no gufashanya muvy’ubutunzi arahumuriza abarundi ko Ubruundi ataco buzohobamba.

Desire Musharitse akavuga ko abarongoye ibanki nkuru y’isi bashaka gukurikiza imigambi bahawe n’abakuru b’ibihugu vy’akarere yo gushiraho isoko rusangi ya Afrika. Ngo aho ni mu ntumbero yo gutuma Afrika itera imbere nk’ibindi bihugu vya Amerika na Buraya. Desire Musharitse akamenyesha ko Ibanki Nkuru y’Isi ubu ifise abategetsi bashasha gushika no kubayiserukira muri Afrika.

Ngo abo rero bakaba baje gushira mu ngiro imigambi ikomeye bahawe n’abakuru b’ibibihugu vya Afrika. Umuvugizi w’ubushikiranganji w’ikigega ca Leta akavuga ko ivyo biboneka ko imigambi yiyo banki igiye gutegurwa gushasha kandi uburyo bwateguwe buzogaruka. Ku mugambi wo gutez’imbere gutwara abantu n’ibintu mu kiyaga Tanganyika nawo wagaritswe, Desiré Musharitse avuga ko uwo mugambi warimwo ibihugu bitatu ngo ariko ubu ushobora kuza urimwo ibihugu vyinshi.

Recommended for you