Mu gihe ku musi wa gatatu igenekerezo rya 26 Rusama uy-umwaka mu nama nshingamateka ariho umuhuza w-abarundi Edouard Nduwimana yari yahishikiye ngo atange icegeranyo c-urwego arongoye civyakozwe mu mwaka w-2020, umushingamateka Nicodeme Nduwimana wo m-umugambwe CNL yarabajije umuhuza w-abarundi nyimba urwego arongoye rukwirikirana ibibazo vy-abanyororo baheza ikiringo igifungo cabo baba bakatiwe mu nyuma bakaguma bapfunzwe.
Nyakubahwa Umukuru w-inama nshingamateka Daniel Gelase Ndabirabe ntiyarindiye n-uko uwo mushingamateka aturuka m-umugambwe CNL arangiza ikibazo, ahubwo yaciye yihutira ku mwaka ijambo aca amwagiriza we n-abo barikumwe ko bariko baravugira abaheruka gutera amagerenade mu gisagara ca Bujumbura.
Bamwe mu bashingamateka bari ngaho baraneguye cane inyifato uwo arongoye urwego rwo mu gihugu rutora rukemeza amategeko kubona yaka ijambo uwuserukira abanegihugu kandi arico yatorewe kugira abavugire iyo hari ikitagenda neza. Si nico gusa , biravurwa ko umukuru w-inama nshingamateka Nyakubahwa Daniel Gelase Ndabirabe atera ubwoba abashingamateka bo mu mugambwe CNL baba bariko barabaza ibibazo mu gihe haba haba hari itegeko riba ririko ririko rirwa canke rigombwa kwemezwa.