Umukuru w-inama nshingamateka y-uburundi yaraneguye abashingamateka batubahiriza mu kwambara agapfuka munwa kandi abatari bake muri bo bari barwaye ikiza ca Covid-19. Hari kuwa 11 Nzero 2022 mu ngoro y-amakoraniro iri muri karitiye Kigobe ,mu gisagara ca Bujumbura.
«…ndabona yuko hari abashingamateka batifutse ku munwa, Corona ntaho iraja, corona ntaho iraja! Kuko abantu benshi bagiye bayirwara bagiye baca baduga hagati mu gihugu kuza kurwarirayo aho bashobora kwegera abantu baza babatekera agatoki noneho ukwo bagiye bagenda baza bagenda kuyikwiragiza hagati mu gihugu. Mwebwe abashingamateka mwokwongera mukagira effort murabona ko naje nagashizekoukagira nukwo nagakunda cane kubarusha?» Niko Ndabirabe avuga.
Naho yaneguye abanyagihugu barwara ikiza ca Covid-19 maze bakabandanya bagikwiragiza mu gihugu mw-ijambo yashikirije uwo musi, Daniel-Gelase Ndabirabe yarahemye abarundi biteje urukingo rwa Covid-19 ariko bahava bandura ico kiza. Mu majambo yiwe, Gelase Ndabirabe yabivuze uku :«… hariho abantu bayirwaye muga barivagisinishije yemwe yarabazuye kabisa! Hari abihenze baragenda barivagisinisha muri ivyo bihugu vyo hanze, ejo bundi iyi corona ibafashe yarabazungagije peee! Nubu ntibaragarura morale neza»