NEWS

Dallas Texas : Big Fizzo yaraye akoze igiteramo kidasanzwe muri America

on

Umuririmvyi wa mbere akomeye cane w’igihangange m’umuziki ndundi ” Big Fariouz ” kuruyu wagatandatu uheze , ( 11/19/2016 ) yarateramishije abarundi hamwe n’abanyarwanda baba muri Leta zunze ubumwe za America ( Dallas, Texas ).

l

Nkuko twashoboye kuvyibonera, ico giteramo cari citabiriwe n’abantu benshi harimwo n’umuririmvyi mugenziwe Nziza Desire, murico giteramo Big Fizzo akaba yarerekanye ubuhinga bukomeye aho abatari bake bashimishijwe n’ukuntu ico giteramo cagenze.

Abenshi mubo twavuganye bari bishimye cane naburya aribwo bwari ubwambere bashoboye kwibonera uno muririmvyi amaso muyandi , ndetse bakaba batumenyesheje ko Big Fizzo kuba ashobora kuza gukorera ibiteramo muri America, ari intambwe ikomeye cane ishobora kuzamura umuziki ndundi ndetse bigatuma umuziki w’uburundi umenyekana kwisi yose.

j

kuruyo munsi kandi twaragerageje kuganira na Big Fizzo aho yatumenyesheje ko ashima intambwe agezeko ariko kandi akavuga ko hari vyinshi cane bikeneye gukorwa kugira ngumuziki ndundi ubandanye gutera imbere.

UBM News tubibutse ko Big Fariouz ari hano muri America , murinondwi azoba ari mugisagara ca ( Houston, Texas ) gukorerayo ikindi gitamo, niyaheza ico giteramo akaba yitezwe muyandi ma State atandukanye harimwo za ” Phoenix Arizona, Chicago, New York, Washington DC hamwe n’ahandi.

Ngaya amwe mumafoto yaranze igiteramo aheruka gukorara muri Dallas, Texas.

d
Umuririmvyi Nziza Desire

b

a

4
Big Fizzo arikumwe na Eric Nyandwi ” umurongozi mukuru arongoye ikinyamakuru ca ” UBM News

r

1

q
Fariouz ariko aratambana n’umukobwa.

p

n

m

Abenshi bari bishimye cane kuburyo bagerageza gufata amafoto barikumwe na Big Fizzo

c

i

f

h

g

Big Fizzo ariko ararimba imbere yaba fans biwe.

Recommended for you