CVR itangaza ko igiye gukora amatohoza ku barundi bishwe hamwe n-abazimiye guhera mu mwaka w-1885 gushika 2008.
Umurwi w-igihugu ujejwe kumenya ukuri hamwe no kunywanisha abarundi, CVR, umenyesha ko ugiye gutanguza rusansuma rw-abantu bose bishwe hamwe n-abandi bazimiye mu ntara zose zigize igihugu c-uburundi mu kiringo c-amezi atandatu .
Bikaba vyashikirijwe na Petero Claver Ndayicariye arongoye uwo murwi, hari mu ntara ya Gitega kuri uyu wa gatatu ahari hahuriye bamwe mu barongoye imigambwe , abataho begamiye mu vya politike , ba buramatari b-intara hamwe n-abandi.
Uwo arongoye CVR yemeje ko iryo tohoza rizoba ku vyabaye mu kiringo uyo murwi ukorerako ni ukuvuga guhera mu mwaka w-1885 gushika mu mwaka w-2008.