Tuesday, February 7, 2023
HomeNewsCVR ishaka kuraba uruhara rw’abamisiyonari n’abakoroni mu bwicanyi bwo 1972 n’imbere...

CVR ishaka kuraba uruhara rw’abamisiyonari n’abakoroni mu bwicanyi bwo 1972 n’imbere yaho.

Umurwi w’igihugu ujejwe kumenya ukuri no kurekuriranira, CVR ugiye kusohora mu mpera z’uw’umwaka wa 2022 icegeranyo co kuva mu mwaka w’1885 gushika mu 1971. Uwo murwi ukaba ushaka kuraba uruhara rw’abamisiyonari n’abakoroni mu bwicanyi bwo mu 1972 hamwe no mu bundi bwicanyi bwabaye imbere yaho.

Pierre-Claver Ndayicariye arongoye CVR yabivugiye mu nyigisho zabaye kuva kuwa kane gushika kuwa gatandatu w’indwi twaraye tusozey, izo nyigisho zikaba zahawe abamenyeshamakuru n’abakomiseri ba CVR ku murwa mukuru wa politike i Gitega.

Uwo arongoye umurwi CVR akaba kandi yarongeye kwita ubwicanyi bwo mu 1972 bwahitanye abahutu benshi kuruta abatutsi ko ari Ihonyabwoko ryakorewe abahutu mu Burundi naho umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye yemeje ko hataragera kwita amazina ubwicanyi butandukanye bwakozwe mu gihugu c’uburundi muri kahise.

Must Read