NEWS

CPI: Amatohoza Ku Burundi Na Phillipines Arabandanya.

on

Sentare Mpanavyaha Mpuzamakungu CPI ivuga ko amatohoza ku bijanye n’uko agateka ka zina muntu kahonyanzwe muri Phillipines n’Uburundi bibandanya naho ivyo bihugu bibiri vyahisemwo kwikura muri Iyo Sentare, benshi bavuga ko ihohotera ibihugu bikenye vya afrika na Aziya yo mu buseruko bushira ubumanuko.

Ivyo CPI ikaba ibimenyesheje inyuma yaho igihugu co muri Aziya yo mu bumanauko bushira ubuseruko, Phillipnes, gifatiye ingingo yo guhamvya Uburundi mu kuva muri iyo sentare yagirijwe na Phillipines ko ‘iriko ikora umugambi mubi ku mukuru w’igihugu’, Rodrigo Duterte.

Nk’uko GMA News ibishira ahabona, CPI yisunze ikibazo c’Uburundi, amatohoza ku mabi yakozwe azobandanya “mbere n’inyuma y’uko ivyo bihugu vyikura muri CPI…Ku bw’ivyo, igihe habaye ukwikura muri CPI, iyo ngingo ntaco ihindura ku kubandanya gukorera ku matohoza yamaze gukorwa”.

Soma kandi: Inyuma Y’Uburundi, Phillipines Nayo Yavuye Muri CPI

Nk’uko CPI yari yasavye ko Uburundi butokwikura muri CPI, iyo sentare nyene yarasavye ishimitse ko Phillipines itofata ingigo yo kuva muri CPI.

Phillipines ikaba yamenyesheje ku mugaragaro ku musi wa gatanu Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU ko gifise umugambi wo kuva muri CPI, inyuma y’imisi ibiri iheze Duterte amanyesheje ko Phillipines yavuye muri CPI.

Recommended for you