Friday, December 2, 2022
HomeNewsCovid-19 ntisiba kwiha inkumbi mu Burundi bivuye ku gukina kw-abategetsi k-ubuzima bw-abantu(...

Covid-19 ntisiba kwiha inkumbi mu Burundi bivuye ku gukina kw-abategetsi k-ubuzima bw-abantu( MSD)

Kuva ikiza ca Covid-19  cadutse mu gihugu c-uburundi, Leta y-uburundi ntiyigeze ishaka gushira ahabona ukuri kubijanye n-ico kiza naho yariziko camaze gushika mu gihugu. Ivyo rero, vyatumye ititaho gutunganya ibikorwa bikomeye  vyo kurwanya ico kiza .Biri mw-itangazo ryasohowe kuri uyu wa kabiri n-umugambwe MSD.MSD Burundi

Alexis SINDUHIJE asanzwe arongoye uwo mugambwe ari nawe yateyeko umukono kw-iryo tangazo amenyesha ko Leta y-uburundi itigeze yerekana ishaka mu gutunganya umugambi w-ingene abanyagihugu bocandarwa canke yinanate mukurondera incanco zogukingira abanyagihugu bayo. Ivyo biri ukwo mu gihe umukuru w-igihugu n-abo bajanye mu rugendo muri Leta Zunze ubumwe za Amerika ngo bicandagishije ariko bagasiga abari mu ngorane zo kuguma Babura ababo kubera ico kiza.Image

Kubw-ivyo, umugambwe MSD usaba abarundi gutanga intererano kubijanye no kwikingira ico kiza , bakerekana ingendo ibereye  bakongera bagasaba uburenganzira bwabo bwokurindwa ako karanda k-ico kiza ca Covid-19. Umugambwe MSD uranasaba kandi amakungu kuraba ukwo ibintu vyifashe mu Burundi hanyuma agategeka kwugururira imiryango ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y-abantu kw-isi OMS kugira rifashe gusumba mu bijanye no kuvura abanduye hamwe no  gutegura isekeza ryo gutnga incanco ku banyagihugu. Mu gihe bitogenda ukwo, umugambwe MSD ubona ko iruhande yo kunyuruza abantu ,kubafungira ubusa hamwe no kubica, ubutegetsi bw-umugambwe CNDD-FDD bwimye abarundi uburenganzira bafise mu bijanye no kwivuza.

 

Must Read

Perezida Kagame yagiriza Tshisekedi kwitwaza intambara ya M23 kugira yunguruze amatora...

0
Umukuru w’igihugu c’Urwanda, Paul Kagame yagiriza mugenzi we w’igihugu ca Congo, Felix Tshisekedi ko yoba afise imigambi yo kwitwaza ibibazo vy’umutekano muke urangwa mu...