NEWS

COOPEC gitega yibwe urukombamazi

on

Imiriyoni 20 nizo zibwe mw’ijoro ryo kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 31 Nzero umwaka wa 2017 muri COOPEC (Coopérative d’Épargne et de Crédit) y’i Gitega.

Amakuru atangwa n’ubuyobozi bwa COOPEC Gitega avuga amafaranga y’amarundi agera ku miriyoni mirongo ibiri ariyo amaze kumenyekana ko yibwe n’abasuma,binjiye babanje guha ibiyayura mutwe abapolisi babbiri n’umunyezamu bari bacunze COOPEC.

Mu gipolisi mu ntara ya Gitega bavuga ko bamaze gutanguza amatohoza kugira bamenye aboba bakoze ubwo busuma.
Gushika ibihe c’isaha zitanu zo kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 1 Ruhuhuma umwaka wa 2017, baba abapolisi canke umunyezamu bari baraririye inyubakwa ya COOPEC ntibari bwatore ubwenge.

Recommended for you