Umugambwe CNL umenyesha ko wababajwe n-urupfu rw-abanywanyi babiri bari mu ndongozi z-uwo mugambwe. Biri mu rwandiko uyo mugambwe washize ahabona kuri uyu wa kabiri ruteweko umukono n-umunyamabanga mukuru w-uyo mugambwe Simon Bizimungu.
CNL yemeza ko yakiranye umubabaro urupfu rwa Augustin Matata hamwe na Innocent Barutwanayo bari mu ndongozi z-uyo mugambwe kubera ihohoterwa rikomeye bakorewe igihe bari bafungiwe mw-iperereza.
Uwo mugambwe Ugasaba umukuri w-igihugu c-uburundi ko yofasha kugira abakorera iperereza bakore bisunze amategeko mu kwubahiriza ubuzima bwa kiremwa muntu. Urongera ugasaba ubutungane gukwirikirana aboba barahohoteye bakongera bagakubagura abo banywanyi babiri gushika aho basandaba.