Monday, May 29, 2023
HomeNewsCNL imenyesha ko yababajwe n-urupfu rw-abanywanyi babiri bawo bapfuye bahohotewe n-iperereza.

CNL imenyesha ko yababajwe n-urupfu rw-abanywanyi babiri bawo bapfuye bahohotewe n-iperereza.

Umugambwe CNL umenyesha ko wababajwe n-urupfu rw-abanywanyi babiri bari mu ndongozi z-uwo mugambwe. Biri mu rwandiko uyo mugambwe washize ahabona kuri uyu wa kabiri ruteweko umukono n-umunyamabanga mukuru w-uyo mugambwe Simon Bizimungu.

CNL yemeza ko yakiranye umubabaro urupfu rwa Augustin Matata hamwe na Innocent Barutwanayo bari mu ndongozi z-uyo mugambwe kubera ihohoterwa rikomeye bakorewe igihe bari bafungiwe mw-iperereza.

Uwo mugambwe Ugasaba umukuri w-igihugu c-uburundi ko yofasha kugira abakorera iperereza bakore bisunze amategeko  mu kwubahiriza ubuzima bwa kiremwa muntu. Urongera ugasaba ubutungane gukwirikirana aboba barahohoteye bakongera bagakubagura abo banywanyi babiri gushika aho basandaba.

Must Read