Monday, May 29, 2023
HomeNews CNDD-FDD yananiwe gushitsa imigambi 39 yari yarateguriye abarundi, impanvu ya vyose...

CNDD-FDD yananiwe gushitsa imigambi 39 yari yarateguriye abarundi, impanvu ya vyose uyunvise iratangaje !

*URUGO RUVUYEMWO UMUGABO RUSIGARAMWO UMUGAYO*
*CNDD-FDD YAVUYEMWO HUSSEIN RADJABU N’ABAGUMYABANGA BUMUTSE ISIGAYE ARI ICIRO RY’IMIGANI*

-Abenshi bibaza ko icanamwo mu ndongozi za Cndd-Fdd ryabaye giturumbuka,ariko ku bari kurugamba barazi ko hamye urunturuntu mu bagumyabanga.
-Indongozi zikabirenzako uruho rw’amazi bizeye ko kumbure aho bashikirira ubutegetsi bizohumura naho shwi ahubwo birushaho gukomera.

*HUSSEIN RADJABU BAMUBOGOJE YAVYITEGURIYE.

-Nk’uko abatari bake baba abaciye ku rugamba cnk abakoreye mu gihugu hagati barazi ko Rajabu yamye ari kiremesha aho bigoyagoya ku rugamba,abihebuye n’abihevye bamubonye bararema,vyatumye abatari bake bamwiyumvamwo.

-Bimaze kumenyekana ko zigira zake muri Cndd-Fdd,abayoboke biwe bakora mu biro bitandukanye vy’igihugu bamuha amakuru umwanya ku mwanya,bigatuma nawe yitunganya nk’umukuru w’umugambwe.

-Amaze guhabwa amakuru y’ukwizera ko umugambi wo kumutembagaza ari ntakuka,
-Yafashe ingingo yo kwigiza kure ikintu cose kirimwo amabanga y’akamaro kuri Cndd-Fdd.Twovuga(amamashine,amadossier yanditse n’ibindi bikoresho bikomeye vy’umugambwe)kuko iryo kurwa ryiwe ntiryari rikurikije amategeko,vyamuteye amakenga yo kwizera abamusubirira,abona kwigizayo ivyankenerwa.

*NIGIKI C’AGACIRO CNDD-FDD YATAKAJE YIGIJEYO RADJABU?

-Muvyo yigije kure harimwo inyabwonko(ordinateurs) n’amadosiye vyarimwo imigambi 39 Cndd-Fdd yari yarateguriye abarundi.
-Abari bamaze guhemuka bamwikuye,bicaye hamwe biyibutsa iyo migambi kuko ataho bari kuyikura,maze bibukamwo 3 nayo idafise integuro.Nayo ni:

1-Ukuvyara kubuntu.
2-Ukuvuza abana bari musi y’imyaka 5 kubuntu.
3-Ukwigisha abana bo mu mashuri y’intango.

*Iyo niyo migambi basigaranye kuva 2005 gushika ubu naho nyene itunganyijwe uko muriko murayibona.Amakuru dufise avuga ko
-Ntawucibaruka kubuntu,

-Umwana ari munsi y’imyaka 5 baramugutereranira ku bitaro bashaka utange uburyo.

-Mu mashure amafaranga bayahinduye izina ubu bakubwira ngo ni ukwubaka ayandi masomero cnk ibindi basigura babesha abavyeyi b’abana.
-Indya imwe iragama,abarundi niyo mpavu biteguye guhindura intwaro y’abacacanya.

*NIWABA URI UMUGUMYABANGA YIYEMERA,IYI NKURU URAYIZI??

*Nta muhari n’umwe wigera ugwana na reta udafise abawuha inguvu(uburyo n’ibikoresho),ukemera kuriha cnk gutanga ivy’agaciro biri mu gihugu bishitse ukagifata.

-None Cndd-Fdd ifise imwe mu myenda nk’iyo yari yemeye kuriha aho izoshikira ku butegetsi.Gushika n’ubu bikaba vyabaye akamizwe n’ingoma kuko ni menshi cane.

***Abashize akaguru ku kandi muri Cndd-Fdd biganjemwo abimukira,ntibazi ibikorwa vya Cndd-Fdd vyihishe kuko aho bishirirwa ahabona n’ababijejwe,abatari bake bazogwa mu gahundwe n’ukwicuza gukwije.

*Nico gituma abatari bake mu bagumyabanga basaba igaruka ry’abo bigijweyo ngo banagure mugambwe bari hamwe.

**Uwoca akenge kare yokwegera abakurambere ba Cndd-Fdd bakamuyagira ico atamenye……

Must Read