*SINDUHIJE YOBA YARIGEZE KWITWA UMUGUMYA BANGA?*
*CNDD-FDD YAMUTAYE MU MUTEGO ARIKO YIVANAMWO UBU*
-Sinduhije Alexis ni umwe mu banyeporitike bafise igihagararo mu Burundi,imbere y’uko agera aho yabanje kuba umumenyashamakuru wa RPA atako aranayirongora.
-Mu myaka urugamba rwari rushushe hagati ya reta n’imihari yagwanya reta,Sinduhije niwe yabaye uwambere kuronka amajwi y’abagwanyi b’umuhari Cndd-Fdd abasanze ku rugamba,ayacisha kw’iradio RPA.
-Yarahatswe no kubizira kuko ubutegetsi bw’ico gihe bwamufashe nk’umwansi w’igihugu,ariko ararya umutima amenyo akomera ku mwuga.
*KU MPAMVU KI SINDUHIJE YAGWA INYUMA CNDD-FDD?
-Sinduhije hamwe n’abandi batari bake bariyumvisemwo uyo muhari,kuko utavangura amoko,intara eka n’amadini,bawukorera batiziganya bose bitwa abarundi baharanira intwaro ya demokarasi.
Alexis Sinduhije arongoye umugambwe MSD
-Ariko Sinduhije nk’uko yari yagize amahigwe yo kuba umumenyeshamakuru yishikira ku rubuga rw’intambara agasubira imuhira ataco yinona,yemerewe agashimwe ku butwari yerekanye bimutuma yongereza inguvu.
**CNDD-FDD YARI YEMEREYE IKI SINDUHIJE?
-Indongozi z’uwo muhari zari zemereye Sinduhije ko umuhari utashe ugashika ku ntwaro,Sinduhije yari guhambwa ubushikiranganji bwo gutumatumanako amakuru nk’agashimwe kaho yarindutse aho abandi bari bananiwe.
-Ntivyatevye,Cndd-Fdd iratahuka,itako ishikira ubutegetsi,ariko haba ikibazo ntiyubahiriza amasezerano yagiraniye na Sinduhije.
***UMUTEGO SINDUHIJE YATAWEMWO NA CNDD-FDD.
-Bitanguye gupararangana mu nzego za Cndd-Fdd,ingorane zose bazegeka kuri Hussein Radjabu,ko ariwe yariye Farcone 50 yarerura umukuru w’igihugu n’ayandi mabi yambitswe,bongerako ko ariwe yatumye Sinduhije ataronka ubushikiranganji yari yemerewe.
-Sinduhije avyumve ishavu rija imutwe,abansi ba Cndd-Fdd baca bamusaba ko yobafasha gutegura umugambi wo gukura ku burongozi bw’umugambwe Hussein Radjabu maze nawe akaronka ivyo yemerewe.
-Sinduhije akoresha RPA n’abakozi bayo mu gutembagaza Radjabu,muribuka ivyaciye kuri iyo radiyo kubijanye na Radjabu.
-Gushika n’aho hateguwe irementanya rifatiye ku majwi avuga ukuntu Radjabu yategura bamwe mu misore y’imbonerakure yari yahaye izina rya “KAGABO” ngo ahungabanye inzego za reta.
hussein radjabu ” Umunyepolitike winararibonye mu Burundi.
-Sinduhije yagiye gutegura ayo majwi mu gihugu ca Afrika y’epfo kuko vyasaba ubuhinga budasanzwe ajana n’abantu bo mw’iperereza.
-Ayo majwi amaze kuboneka,barayazana igikorwa kiraba,Radjabu aratembagazwa,atabwa mu mvuto.
-Sinduhije aza kwishuza abamwemereye ko intambamyi yari Radjabu nabo bamuraba nk’imbwa iraba isuka.Sinduhije atangura kwikeka ko yakoreshejwe mu mugambi atamemenye intumbero.
-Amaze kubona ko yahenzwe,amakaseti yose yariko ya majwi reta yakoresha mu kwagiriza Radjabu arayahisha,reta itangura kumwihinduka imutera ubwoba,nawe habwo ashinga umuhari MSD,reta ibibonye imuta mu mvuto,aho yashize Radjabu.
****MU MPIMBA SINDUHIJE YAHASANZE IKI?
-Sinduhije agezeyo yaripfuje kubonana na Radjabu ngo amusabe imbabazi kuko yaguye mu mutego atari yamenye,vyoba vyaramutwaye nk’iminsi 3 asaba umubonano n’abanyororo batamworoheye kuko benshi bamubonamwo intandaro y’ipfungwa rya Radjabu.
-Mu nyuma bahavuye babonana,Radjabu yereka Sindugije ukuri atamenye.
Ko Radjabu yatanze dosiye ya Sinduhije maze bakayita kure bakazana iya Karenga Ramazani kubera indyane muri Cndd-Fdd vyari bisa n’ibitifashe neza.
-Sinduhije amubaza igituma atamubwije ukuri,Radjabu amwishura ko atari kumuha inkuru nk’izo ari umumenyeshamakuru amabanga ya Cndd-Fdd yaca aja ahabona bigateza ingorane igihugu n’abarundi.Arico gituma Radjabu yateranye amajambo n’abanyamakuru kuri dosiye ya Farcone 50 ari naho bose bibaza ko ariwe ubwiwe yayiriye.
***IMPANURO SINDUHIJE YAKUYE KURI UYO MUNYAPORITIKE MUNGENZIWE.
-Sinduhije yumve uko vyagenze,aca asaba Radjabu ko yomubwira ico yomukorera kugira ase n’uwumweza ico ceyi yamwambitse,Radjabu nawe amubwira ko atosubira inyuma mu mugambi wo gushinga umugambwe MSD,gusa aze akorane n’abandi.
-Sinduhije yarakengurutse cane kuburyo umusi arekurwa yavugiye kw’irembo rya Mpimba ko agiye gukora ibishoboka vyose gushika Radjabu n’abandi bari bapfunganywe nawe barekurwe.
-Sinduhije akaba yarabandanyije impanuro yahawe,akaba n’ubu ari umwe mu bari hafi ya Radjabu,akaba kandi ari mu bafashije kugira abatari bake bamenye ukuri kuvyo Cndd-Fdd yononye mu gihugu….