Abagumyabanga badashigikiye ukwitoza kwa gatatu kw’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza barabandanya bakurwa, abashika kuri cumi na batanu batashe nayo abasavye ikigongwe ariko bashizeko igikumu kuri rurya rupapuro bahawe ikiringo c’amezi atandatu bahagaritswe.
Abandi bagumyabanga bashika kuri 15 bakuwe ku rutonde rw’abagize umugambwe CNDD FDD abo nabo bakaba bahorwa kuba badashigikiye Mandat ya gatatu y’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza. Bakaba bakuwe mu mugambwe ku rwandiko rwanditswe n’umushingamateka Nyabenda Pascal kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 10 ndamukiza, akaba ari nawe asanzwe awurongoye.
Kuri urwo rutonde harabonekako umushingamateka Yeremiya NGENDAKUMANA yahoze arongoye uwo mugambwe, akaba n’umushingamateka mu nama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko, Melchior SIMBARUHIJE, umuvugizi w’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu,Thadée SIRYUYUMUSI yahoze arongoye Insamirizi n’Imboneshakure vy’igihugu, akaba aheruka gukurwa muri ayo mabanga, Pampile MUDEREGA arongoye igisata kijejwe kwegeranya amafaranga yose y’imfashanyo zitangwa ku Burundi, Umushingamateka Festus NTANYUNGU arongoye ihuriro ryamaho ry’imigambwe (Forum Permanent des Partis Politiques),hamwe n’abandi batari bake.
Abashoboye gukurako umukono kuri urwo rupapuro rusaba umukuru w’Igihugu kudasubira Kwitoza ubugira gatatu bakanabisabira ikigongwe bahawe igihano cuguhagarikwa mu mugambwe ikiringo c’amezi atandatu gusa.