Umugambwe CNDD FDD wabuze ijwi rimwe gusa kugira inama nshingamateka yemeze ibwirizwa shingiro ryari gushoboza umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza kwitoza mu kiringo kigira gatatu mu kibanza c’umukuru w’igihugu.
Imirwi ibiri (abashingamateka ba UPRONA n’aba FRODEBU NYAKURI) y’abari kumwe n’umugambwe CNDD FDD mu nama nshingmateka yarasohoye urwandiko, aho yamenyesheje ko itarota yemeza ibidahuye n’ingingo bari bumvikanye mu biganiro vya bose, ikagiriza umugambwe CNDD FDD ko woba ushaka kwiyorohereza mu gutora ibwirizwa nshingiro rifatiye ku nyungu y’uwo mugambwe harimwo n’ukworohereza, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza gushikira ikiringo ca gatatu.
Abashingamateka b’abatwa ntibateye umukono kuri urwo rwandiko rwerekana aho bahagaze. Mu mirwi itatu y’abari mu nama nshingamateka turetse CNDD FDD, abateye umukono kuri urwo rwandiko ni umushingamateka Bonaventure Gasutwa arongoye umurwi w’abashingamateka ba UPRONA, hamwe n’umushingamateka Gahungu Juvenal arongoye umurwi w’abashingamateka ba FRODEBU Nyakuri.
Umugambwe CNDD FDD wagumye wizeye ko iryo bwirizwa shingiro rizotorwa, kuko mu majwi 4 bari babuze, bari bamaze kuronka amajwi atatu y’abashingamateka b’abatwa, aho bikavugwa ko bari babemereye ubushikiranganji muri Reta kugira bafashe CNDD FDD kwemeza iryo bwirizwa shingiro. CNDD FDD yari yizeye kandi ijwi rigira kane rya Boneventure Niyoyankana, ariko siko vyahavuye bigenda, kuko Niyoyankana ku munsi w’ejo kuwa gatanu yaraje mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe, ariko aca asohoka imbere y’uko batangura gutora. Amakuru yo kwizerwa amenyesha ko ibiganiro na Bonaventure Niyoyankana vyari vyamaze guhera, bakaba mbere hari n’amafaranga atari make yari yemerewe, n’aho atabaye acubahiriza uwo mukenyuro.
Inyuma y’amatora, basanze iryo bwirizwa shingiro ryemejwe n’abashingamateka 84 kuri 85 bari bakenewe (81 ba CNDD FDD, hamwe na batatu b’abatwa), aho mukumva ko ivya bine bitanu vy’amajwi yari akenewe bitakwiye kubera iryo jwi rimwe rya Boneventure Niyoyankana ryabuze. Iyo nteguro y’ibwirizwa shingiro yaciye isubizwa inyuma.