Umugambwe CNDD-FDD ntakwo utagira ngo bikunde ugume ku butegetsi. Vyashikirijwe kuri uyu wa gatatu na Carina Tertsakian, umushakashatsi mw’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu IDHB aho yararamutse ashikiriza icegeranyo c’iryo shirahamwe co mu mwaka wa 2022.Uwo mushakashatsi akabona ko ukutihanganiranira no kudakora neza kw’ubutungane ari bimwe mu bibazo bihanze ubutegetsi bwa Perezida Ndayishimiye.
Umushakashatsi Carina Tertsakian agira ati:
“Naho muri iyi misi iheze agahengwe gasa nakagarutse, ari ibitigiri vy’abicwa kubera imvo za politike n’ababurwa irengero vyagabanutse, bamwe mu banywanyi bo mu mugambwe utavuga rumwe na Leta CNL barakomerekejwe n’imbonerakure. Imbonerakure co kimwe n’abandi banywanyi ba CNDD-FDD barabandanije gutera ubwoba abari mu yindi migambwe babasaba kwinjira mu mugambwe uri ku butegetsi.Bamwe muri abo, baragondojwe barinjira mu mugambwe CNDD-FDD kugira bakize agatwe. Muri Politike, umukuru w’igihugu yarerekanye inguvu ziwe mu gukombora Alain-Guillaume Bunyoni . Muri uno mwanya twovuga ko yafashe ibintu mu minwe ariko bishobora kuba ivy’umwanya muto kuko umukuru w’igihugu agendera ku karwi kavuga rikijana mu mugambwe akomokamwo. Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD abandanya kwerekana ko akiyoboka imigambi y’uwahoze ari umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.Bimwe muvyo avuga nivyo akora bias n’ibiteye kubiri n’imigambi y’umukuru w’igihugu, ibiheza bigasubiza inyuma imigambi Umukuru w’igihugu aba yiyemeje gukora. Naho hari ukutumvikana, umugambwe CNDD-FDD urahurira ku kintu kimwe:kwipfuza gutsinda amatora y’abashingamateka yo mu 2025 nay’umukuru w’igihugu yo mu 2027.”