NEWS

CNDD-FDD iragaruka ku myaka ine iheze Petero Nkurunziza agenywe guserukira uwo mugambwe mu matora.

on

Umunyamabanga mukuru w’umugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD, yatanze ikiganiro ku banyamakuru uyu musi wa 25  Ndamukiza 2019 aho yagarutse ku ngingo yo ku wa 25 Ndamukiza 2015 yo kugena Petero Nkurunziza ngo aserukire CNDD-FDD mu matora.

Ndayishimiye yemanze ko ingingo yo kugena Nkurunziza yafashwe hisunzwe amategeko, naho haciye hakurikira imyiyerekano ikomeyye yatumye abarundi batari bake bahunga igihugu.

Ndayishimiye yavuze ati: “Ingingo yo guhitamwo Pierre NKURUNZIZA mu mwaka wa 2015 yafashwe hisunzwe amategeko n’ubutwari bwiwe.”

Ndayishimiye yamenyesheje ko igenwa rya Nkuruniza mu mwaka wa 2015 ryashize ahabona ivyari vyinyegeje mu Barundi bamwe ‘baterekwa demokrasi ko itsimbatara’, nk’uko abivuga.

Evariste NDAYISHIMIYE yavuze ati:“Ingingo y’abagumyabanga yo kwemeza Nyenicubahiro Petero NKURUNZIZA kuba umukandida wabo yaseruye vyinshi vyari vyinyegeje,irashira n’ahabona abaterekwa ko Demokarasi itsimbatara mu Burundi.”

Mwomenya ko CNDD-FDD iriko yitegurira kugena umukandida azosubirira umukuru w’ igihugu atwara ubu, Petero Nkurunziza.

Abanyepolitike batavuga rumwe na leta barahanze amaso cane umukandida azotangwa na CNDD-FDD.

Recommended for you

Leave a Reply

Your email address will not be published.