NEWS

CNC Yoba Yatanguye Kugenzura n’ibinyamakuru bikorera kuri Internet?

on

Ishirahanwe rijanye no kugenzura uko ibinyamakuru bitanga amakuru mu Burundi, CNC( Conseil National de Communication), ryaraye rifashe ingingo yo kwugara igisata co mu kinyamakuru Iwacu gikorera kuri Internet caha abanywanyi bico kinyamakuru gutanga ivyiyumviro binaka ku makuru aba yashizwe ahabona na Iwacu.

Mu rwandiko uworongoye ico Kinyamakuru Iwacu, Antoine kaburahe, yasohoye, yagaragaje akabaro kiwe kubona CNC yafashe ingingo nk’iyo yo kwugara ico gisata ku kinyamakuru Iwacu ‘kubera ko caha abasomyi [ba Iwacu] akaryo ko kuvuga iryo bagona bisanzuye’.

Ikinyamakuru Iwacu gisanzwe kitabonwa ryiza na Leta y’i Bujumbura kubera inkuru zikunze gushira ahabona usanga zitaza zitabonwa neza na bose. Aho twovuga nk’amatohoza ico kinyamakuru cakoze ku rupfu rwa Simon Bizimana, umugabo aheruka gupfa bivugwa ko yoba yahohotewe n’igipolisi c’Uburundi, aho ico kinyamkuru cemeje ijana kw’ijana bivuye ku kubaza umukenyezi wa Simon Bizimana n’ababanyi biwe ko Simon Bizimana yahitanywe n’uguhoterwa gukaze n’inzego z’umutekano z’Uburundi.

Ariko rero,igipolisi carahakanye civuye inyuma kivuga ko Simon Bizimana yahitanywe n’ingwara ya Malariya. Umuhora w’ikinyamakuru iwacu( www.iwacu-burundi.org) usanzwe utuguruka; bikanavugwa ko woba wugawe kubera amakuru utanga aza atabonwa ryiza na leta y’Uburundi. Ikinyamakuru Iwacu kikaba caragerageje ibishoboka kugira abanywanyi baco babandanye baronka amakuru Umuhora kandi wa Radio Isanganiro(www.isanganiro.org) usanzwe utuguruka ku mpamvu zitazwi gushika nubu.

Biragaragara ko CNC yatanguye kugenzura ibinyamakuru bikorera kuri internet bitanga amakuru ku Burundi nk’uko yabimenyesheje mu misi yaheze. Ibinyamkuru vyanyu nka UBM News, Ikiriho, Iwacu Burundi, Igihe Burundi n’ibindi bisamiranira kuri internet vyahawe ingabisho na CNC.

Recommended for you