NEWS

CNC Yahagaritse Radio BBC Gahuza na Radio Ijwi rya Amerika Mu Burundi.

on

Mw’itangazo ryasohotse mu kigo kijejwe gucungera ukuntu ibinyamakuru bikora mu Burundi,CNC( Conseil National de Communication), iradiyo y’abongereza BBC Gahuza na Radio y’Abanyamerika Ijwi rya Amerika yugawe mu gihugu c’Uburundi mu kiringo c’amezi atandatu, kubera ‘uguhonyanga amategeko agenga kumenyesha amakuru mu Burundi’.

Ayo maradiyo uko ari abiri akaba yahawe kuba yahagaritse gusamirana mu Burundi guhera itariki 7 Rusama 2018 mu kiringo c’amezi atandatu. Ibi bishitse mu gihe Leta y’Uburundi yaheruka kwiyamiriza umumenyeshamakuru wa BBC yahaye ijambo uwutavuga rumwe na Leta y’Uburundi asanzwe aronderwa n’umutahe wo guhagarikwa, ko yarenze amategeko mu kumuha ijambo, navyo bituma avuga ‘ibitajanye ku Burundi’.

Amaradiyo yandi yo mu Burundi yagabishijwe na CNC ni Radio Isanganiro na Radio CCIB FM Plus ‘kubera atakurikije ivyo biyemeje na CNC kugira asubire gusamirana mu Burundi na rirya yari yugawe’.

Iradiyo Mpuzamakungu y’Abafaransa RFI nayo nyene yagabishijwe ko nayo ishobora guhagarikwa mu Burundi. Ikinyamakuru Le Renouveau Du Burundi naco ‘kikaba cahagaritswe ikiringo c’Amezi atatu kuva itariki 7 Rusama 2018’.

Recommended for you