NEWS

CNC Igiye Kugenzura Ibinyamakuru Bikorera Kuri Internet.

on

Ku musi wa kane itariki 30 Munyonyo 2017, Inama Nshingamateka yarize yongera iremeza itegeko rishasha rya CNC(Conseil National De La Communication), ikigo c’igihugu kigenzura ivyo kumenyesha amakuru mu Burundi.Iyo nteguro y’itegeko ikaba yaremejwe ku bice 79 kw’ijana.

Umushikiranganji w’amaposita no kumenyesha amakuru Nestor Bankumukunzi akaba yarasiguye ibitari bike aho yabajijwe ukuntu abamenyeshamakuru bakwiye kuvyifatamwo mu bihe binaka nko mu matora.Umushikiranganji akaba yarasiguye ko CNC igiye kuzoza iragenzura ibinyamakuru bitanga amakuru ku Burundi ariko bikorera kuri internet vyaba ivyo mu Burundi n’ibikorera hanze y’igihugu.

Ku bijanye n’ibimenyesha makuru bikorera kuri internet biri hanze y’igihugu,Nestor Bankumukunzi yarasiguye ko ibinyamakuru bitanga amakuru ku Burundi bikorera ku rubuga ngurukana bumenyi Internet biri mu migwi ibiri: Uwa mbere urimwo ibimenyeshamakuru bikorera hanze ariko bikaba vyarasinye amasezerano na CNC bitegerezwa kugirako.

Uwundi mugwi wa kabiri nawo ukaba urimwo ibinyamakuru bikorera hanze ku mbuga ngurungurukana bumenyi ariko bikaba bidafitaniye amasezerano na CNC. Umushikiranganji yasiguye ko ku bijanye nuwo mugwi wa kabiri, igihe haciye inkuru iza itubahiriza amategeko yo kumenyeshakuru, ko igihugu gishobora kwisunga amategeko mpuzamakungu , maze kikitura ubutungane.

Recommended for you