NEWS

CNARED: ‘Umurwi Ukomeye’ Ushiraho ‘Intwaro Mfatakibanza’.

on

Mu nama Urunani rw’abatavuga rumwe na Leta CNARED yakoreye mu Bubiligi kuva ku magenekerezo ya 9-11 Ntwarante, harashitsweko no kwiyumvira ko hojaho ‘Umurwi ukomeye wo kwivuna abansi’(Grand Mouvement de Résistance) harimwo gushiraho intwaro mfata kibanza hamwe n’Umurwi Ushinga amategeko Mfatakibanza( Conseil législatif de Transition).

Intumbero nyamukuru y’uwo ‘murwi’ ikaba ari iyi nk’uko biboneka ku rwandiko rwa CNARED: “…Kubuza intumbero ya Nkurunziza yo gushiraho irindi bwirizwa shingiro rishasha rimufasha kwigumiza kubutegetsi…”.

Muri urwo rwandiko haravugwamwo kandi ko inyuma yo gukuraho ubutegetsi bwa CNDD-FDD, hazoca hajaho intwaro ihurikiyemwo bose y’igihugu izoba ifise intumbero nyamukuru iyi:
1. “Ukugarukana amahoro mu gihugu mu kubungabunga umutekano mu gihugu cose”.
2. “Ukurangiza buhere umugwi w’imbonerakure”
3. “Gushiraho k bushasha umurwi ujejwe amatora CENI yigenga vy’ukuri”
4. “Gutegura amatora y’umukuru w’igihugu aciye mu muco wose kandi yizewe.”

Urwo runani CNARED rukamenyesha ko ubu ata yindi nzira isigaye yo kurwanya ubutegetsi bw’I Bujumbura atari ‘ugukoresha inguvu za politike n’inguvu za gisirikare’.

Recommended for you