NEWS

CNARED ‘ntiyizeye amajambo ya Petero Nkurunziza Yo kutitoza mu 2020’.

on

Naho umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza yaraye amenyesheje ko atazokwitoza mu mwaka wa 2020, aba na bariya babona nyabuna ko iyo mvugo ya Petero Nkurunziza itizewe na gato.

Pancrace Cimpaye avugira urunani rutavuga rumwe na Leta CNARED, yamenyesheje ko iryo jambo rya Petero Nkurunziza ridasobanura ko atazokwitoza mu mwaka wa 2020 ‘kubera ko ubu ata jambo Petero Nkurunziza aza amenyesha ubu ngo ryizerwe kubera yahemukiye Abarundi’, nk’uko Pancrace Cimpaye yabimeyesheje.

Pancrace Cimpaye akaba yamenyesheje kuri Twitter ati: ” Itangazo rya Petero Nkurunziza ryo kutitoza mu matora ya 2020 ni umutego. Ibinyamakuru n’amakungu ntibakwiye kugwa muri uwo mutego. Mu 2015, ni abanywanyi biwe bamusavye gusubira kwitoza, nk’uko yabivuga. Mu mwaka wa 2020, abo ‘banywanyi biwe’ nyene bazosubira kumutegeko ngo asubire yitoze mu mwaka wa 2020″.

Mu majambo ya Pancrace Cimpaye abandanya ashira ahabona, nuko iryo jambo rya Petero Nkurunziza ryo kutitoza mu mwaka wa 2020 ari ‘ugusigana inkore ku maso’, kandi ko ari ‘uguhuma amaso amakungu’

Na Gervais Rufyikiri uwahoze ari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yamenyesheje aho ahagaze ko umuhango wa Petero Nkurunziza wo kutitoza mu 2020 ‘ari igice gusa mu biriko biba mu Burundi’. Gervais Rufyikiri amenyesa ko nyabuna ‘igikenewe ari ugushiraho intwaro ibereye, yubahiriza Demokrasi kandi itunganiriza bose’.

Recommended for you