NEWS

CNARED Isaba leta ya Tanzania kutegamira leta y’Uburundi ku kibazo c’impunzi.

on

Inyuma y’aho Ubushikiranganji bw’umutekano bw’Uburundi busohoreye itanagzo bumenyesha ko ‘hashobora kuba igitero kigamije gukorwa ku rugendo rw’imodoka zizoba zihunguye impunzi z’Abarundi mu Burundi ziva muri Tanzania, urunani rw’abatavuga rumwe na Leta CNARED ruriymiriza iyo mvugo ya Leta y’Uburundi.

CNARED ikaba isaba mu rwandiko yashize ahabona ko Leta ya Tanzania yoreka kwegamira leta y’ubutrundi ku bijanye n’ikibazo c’impunzi.

CNARED ikaba isaba Leta ya Tanzania kwubahiriza amasezerano mpuzamakungu agenga agateka ka zina muntu na cane cane kwubahiriza agateka k’impunzi.

CNARED ikaba yiyamiriza imvugo y’Ubushikiranganji bw’umutekano yo kwifatira mu gahanga Ishirahamwe rikomeye kwisi nka HCR ryitaho impunzi mu kuvuga ko ‘rifise imigambi mibi yo gukorana n’abitwaje ibigwanisho mu kubuza ko impunzi zihunguka’.

Soma kandi: “Ubushikiranganji bw’umutekano buragabisha ku gitero gishobora kugirwa ku mpunzi zihungutse ziva Tanzania

CNARED yoyo ikamenyesha ko nayo ‘ifise amakuru ko leta y’Uburundi igamije ‘gufata no kuzimanganya impunzi yose yahungutse yigeze kugira uruhara mu myiyerekano yo kwiymiriza ikindi kiringo ca Petro Nkurunziza canke akaba atavuga rumwe na leta y’i Bujumbura’.

Recommended for you