NEWS

CNARED Isaba Ko Hajaho ‘Inama Y’Abanyagihugu’ Yo ‘Kubuza’ Ko Ibwirizwa-Shingiro Rihinyanyurwa.

on

Ku magenekerezo ya 4 gushika 7 Nzero 2018, urunani rutavuga rumwe na Leta y’i Bujumbura rwarakoranye mu nama idasnzwe kugira hihwezwe uko ivya politike vyifashe mu Burundi inyuma y’aho hatangujqwe isekeza ryo guhinyanyura ibwirizwa-Shingiro. Inyuma y’iyo nama idasanzwe, urunani CNARED rwashize ahabona uko rubona ibintu. Raba hano zimwe mu ngingo UBM News yabatororokanirije zasohowe na CNARED:

1. “ku wa 12 Kigarama 2017, umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza yaratanguje isekeza ryo guhinyanyura ibwirizwa-shingiro”.

2. “Intumbero y’iryo hinyanyurwa ry’Ibwirizwa-shingiro ni uguhamba buhere “ amasezerano y’I Arusha yo guhagarika intamabra hamwe n’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi” hamwe no gushiraho irindi bwirizwa shingiro rishasha rizana agacinyizo mu gihugu, hamwe no kugumizaho Pierre Nkurunziza[ uwiswe na CNARED ‘uwutwaza igikenye’] kugira abandanye atwara Uburundi imyaka yose”.

3. “Urunani CNARED-GIRITEKA rubona n’umubabaro mwinshi ko Uburundi buri ku manga yo gusubira mu magume y’intambara idakenwe kubera ko Pierre Nkurunziza yahisemwo gutera akagere ibiganiro, maze bica bituma habaho imirwi irwana nka FNL, FOREBU, RED TABARA na FPB, yahisemwo gukoresha inguvu kugira hagarukanwe leta igengwa n’amategeko hamwe no kugarukira ibwirizwa shingiro”.

4.”CNARED isaba abajejwe kwivuna abansi n’abajejwe umutekano guhagurukira rimwe kugira bakingire igihugu iyo ntambara y’abanyagihugu ishobora gusutama mu Burundi, mu guhagararira amasezerano y’I Arusha n’ibwirizwa-shingiro ryayakomotseko, kugira ntibishobore kuba nabi cane, maze bakibuka gukinga ‘amazi yamaze kurenga inkombe’”.

5. “Mu kuzibira ko iryo hinyanyurwa ry’ibwirizwa-shingiro riba, Inama y’Abanyagihugu( Forum Citoyen) igizwe na CNARED, amashirahamwe ataho yegamiye mu vya Politike, abarundi baba mu makungu, hamwe n’abo bose bumva bohaguruka kugira biyamirize ugutwaza igikenye kwa Pierre Nkurunziza, itegerezwa kujaho mu maguru masha.

Ivyo ni bimwe vyashizwe ahabona na CNARED-GIRITEKA. Soma hano ico gisomwa cose casohowe na CNARED-GIRITEKA kigizwe n’ingingo 13:

CNARED-declaration-de-la-session-extraordinaire-du-directoire-Janvier 2018

Recommended for you