NEWS

CNARED Isaba Abafasha Uburundi ‘Gufasha cane Ibimenyeshamakuru bikorera hanze y’igihugu’.

on

Mu rwandiko rwasohotse itariki 7 Rusama 2018 mu Runani ritavuga rumwe na leta CNARED,muri kino gihe hariko haba isekeza ryo guhinyanyura ibwirizwa shingiro, urwo runani ruriyamiriza rwivuye inyuma ‘iterabwoba rikaze rikorerwa abaza batavuga rumwe na leta y’uburundi’.

Mu gihe amaradio mpuzamakungu nka BBC na VOA zugawe mu Burundi mu kiringo c’amezi atandatu, CNARED ikaba yamenyesheje ko ‘ayo maradiyo ariyo yarya umutima amenyo mu guha ijambo abatavuga rumwe na leta’. CNARED ikamenyesha ko inyuma y’aho ibinyamakuru vyigenga vyugariwe mu 2015, abamenyeshamakuru barenga ijana baciye bahunga Uburundi.

CNARED ikamenyesha ko kubera ibinyamakuru mpuzamkungu vyashira ahabona ivyo leta itashaka ko bimenyekana vyugariwe mu Burundi,birakenewe cane ko abamenyeshamakuru bigenga bakorera hanze y’Uburundi boshigikirwa cane mu kazi kabo.

Iryo tangazo rimenyesha riti: “Urunani CNARED-Giriteka ruboneyeho akaryo ko gusaba abafasha Uburundi bose gufasha bikwiye ibimenyeshamakuru bikorera mu mahanga. Abo banyamakuru ubu baharurwa mu barenga ijana birabereye ko bashigikwa biboneka kugira bazibire ikinogo co kubura amakuru yizewe kwiganje mu Burundi. Ku bwivyo, umurwi wo muri ONU ujejwe kubungabunga amahoro ukwiye kuraba inzira n’uburyo vyo gufasha ivyo binyamakuru…kuko ari imwe mu nzira izozana amahoro arama mu Burundi“.

Recommended for you