NEWS

CNARED iratabariza Impunzi z’Abarundi Muri Tanzaniya.

on

Mu gihe impunzi z’Abarundi ziriko zikorwako iterabwoba ko zitegerezwa guhunguka ziva muri Tanzania, aba na bariya bariko bakoma akamo bagakomera amakungu kugira ngo izo mpunzi z’Abarundi zishika hafi 300 000 zahungiye muri Tanzaniya kuva mu mwaka wa 2015 ntizirukanwe ku nguvu.

Umurwi uhurikiyemwo abatavuga rumwe na leta y’Uburundi ariwo CNARED waboneyeho gusohora urwandiko umenyesha ko ‘umutekano no kumererwa neza kw’impunzi z’Abarundi ziri mu makambi atatu ariyo Nyarugusu, Mtendeli na Nduta ko utifashe neza kubera ko abategetsi ba Tanzaniya bazibangamiye bazihimiriza bikaze zitahe ku nguvu’.

CNARED ikaba yandikiye umukuru w’Ishirahamwwe ryitaho impunzi HCR ko zifise amakenga ku kuntu izo mpunzi ziriko zifatwa kubera ko ‘ico mpunzi zahunze kitaratorerwa umuti’.

ONU na HCR zikaba gushika ubu zitarava mu gacerere ku bijanye niryo terabwoba ririko rikorerwa impunzi z’Abarundi muri Tanzania, habe na mba na HRC Burundi ntaco iramenyesha, naho HCR muri rusangi itaratangura kuremesha ngo izo mpunzi ngo nizitahuke.

Recommended for you