NEWS

CNARED Ibona Ko ‘EAC Yananiwe No Gutorera Umuti Ikibazo c’Uburundi’

on

Mu rwandiko CNARED-Giriteka yashize ahabona ku wa 22 Ndamukiza 2018, urwo runani rutavuga rumwe na Leta y’i Bujumbura(rugizwe ahanini n’abatavuga rumwe na Leta baba hanze y’Uburundi), rumenyesha ko Umuryango wa Africa y’Ubuseruko ‘usa n’uwananiwe gutorera umuti ikibazo c’Uburundi, ko nyabuna amakungu yokwifatira ibintu mu buryo’.

CNARED igarutse ku bijanye n’amatora yo guhinyanyura ibwirizwa shingiro yo kuwa 17 Rusama 2018, nubu ibandanya iyiyamiriza, kandi ko itazokwemera ibizova muri ayo matora, kuko ku bwayo, ayo matora ‘ntashingiye kw’ibwirizwa shingiro’.

CNARED ikamenyesha ko Umuryango wa Afrika y’Ubuseruko wananiwe no kugondoza Leta ya Pierre Nkurunziza kugira ngo ije mu biganiro bihurikiyemwo bose. Kubera ‘ukwo kunanirwa, Umuryango w’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko waciye uhitamwo guheba kuja mu kindi kiringo c’ibiganiro cari capanzwe ku wa 25 Ndamukiza 2018’. Gutyo ku bwa CNARED, bikagaragara ko ‘amatora yo kuwa 18 Rusama 2018 azoza aje guhamba ivyashitsweko vyose mu biganiro bihuza Abarundi vyabaye imbere’.

CNARED ibandanya isaba amakungu gufatira ibihano Uburundi mu vy’Ubutunzi kugira ngo Leta y’Uburundi igondozwe. Ariko rero, biragaragara ko ibihano bitazotuma Leta ipfunya kubera ko naho hari ingorane z’Ubutunzi, biragaragara ko leta iguma ‘ibandanya’.

Muri urwo rwandiko, CNARED itera akamo amakungu mukwerekana ko yateye akagere EAC iti: ” Umuryango mpuzamkungu[na cane cane ONU n’Ubumwe bwa Afrika] utegerezwa kugira ico ukoze vyihuta. Biragaragara ko hashobora kwaduka intureka. Kutagira igikozwe vyobeneka ko ari ukutagarukira ku banyagihugu bari mu kaga.

Recommended for you