NEWS

CNARED: ‘Abavuga ko tutakiri kumwe sibo’.

on

Mu gihe hagize imisi hakwiragira amatangazo ko bamwe Mu bahoze mu runani rw’abatavuga rumwe na leta bahisemwo kuva muri urwo runani, CNARED yagize ico ivuga kuri izo nyandiko zikwiragira ku mbuga za internet.

CNARED ikamenyesha ko ‘abavuga ko bariko bava mu runani rwabo batakirurimwo ahubwo ko bari basanzwe bararuvuyemwo’.

Muri iryo tangazo, CNARED imenyesha ko umugambi wayo wo ‘guhabuza’ Uburundi utarahinduka; kandi ko uhaye ikaze imigambwe yose ya politike yipfuza kuja muri urwo runani.

Fredric Bamvuginyumvira hamwe n’umugambwe RDB nibo baheruka kumenyesha ko bavuye mu runani CNARED.


Recommended for you