NEWS

CIRGL yarungitse intumwa gutohoza ku gitero cahitanye abasirikare b’Uburundi mu Cibitoki.

on

Ishirahamwe ryo mu bihugu vy’ibiyaga binini, CIRGL(Conférence Internationale sur la Région des Grands Lacs) ryarungitse intumwa mu bihugu vy’Ubruundi n’Urwamda kuza gutohoza na cane cane kugitero cabaye ku wa 17 Munyonyo 2019 mu ntara ya Cibitoki.

Uwo murwi ukaba ugizwe ahanini n’abantu bava mu Buganda, Kongo na Kenya, bakaba bahawe imisi umunani kuva ku wa 3 Kigarama 2019 gushika mu Burundi no mu Rwanda hama bagakora amatohoza yabo yitondewe muri ico kiringo.

Mw’ikete rija ahabona rya CIRGL, hagaragara ko abo barungitswe bagiye gukora amatohoza yitondewe neza kugira ngo hamenywe uko vyifashe muri ivyo bihugu bibiri birabana ayingwe kuva mu mwaka wa 2015.

Bakaba bazoshika mu Burundi no mu Rwanda n’imodoka mu guca i Bugarama hama Bujumbura maze binjire mu ntara ya Cibitoki muri comine Muruta habereye ico gitero, maze babandanirize mu gihugu c’Urwanda.

Ico gitero bikavugwa ko cahitanye abasirikare batari bake b’Abarundi babarizwa mu mirongo naho leta y’Uburundi itashimye gushira ahabona igitigiri c’abahasize Ubuzima.

Leta y’Uburundi ikaba yaratanze gasopo ku gihugu c’Urwanda cagirizwa gukora ico gitero co ku wa 17 Munyunyo 2019 ko kitazobandanya cihanganira agasotoro ko kizoca gisubiriza mu nkoko Urwanda.

Recommended for you