NEWS

Cibitoke : Umuganga yashurashuje umurwayi afise inda

By

on

Umuvuzi w’umuforoma (Infirmier) yahora akorera kw’ivuriro rito rya zone Bumba komine Bukinanyana intara ya Cibitoke yaciriwe urubanza rw’ugupfungwa imyaka indwi hamwe n’ugutanga ihadabu angana n’umuriyoni w’amarundi.

Laurent NTUNZWENIMANA yasomewe urubanza na Sentare nkuru ya Cibitoke ku mugoroba wo kuri uwu wa kabiri, akaba yagirijwe icaha c’ugushurashuza ku nguvu umurwayi yariko arakurikirana kw’ivuriro akorerako, uwo murwayi akaba yari yibungenze.

Inyuma y’ugushurashuzwa, nk’uko vyemejwe na Sentare nkuru ya Cibitoke, umwana uwo murwayi yari yibungenze yaciye apfira mu nda.

Uwurongoye sentare nkuru ya Cibitoke avuga ko uwo muforoma yagabanirijwe imyaka y’ugupfungwa kuko yiyemereye icaha, asaba n’ikigongwe ku mugaragaro. Sentare nkuru ya Cibitoke yamenyesheje kandi ko bimaze kumenyekana ko mu bitaro bitari bike hari abaganga bikika mu kiza bagashurashuza abarwayi. Ababikora bagabishijwe ko ubutungane butazobihanganira kuwuzofatwa canke akitwarirwa n’umurwayi yashurashujwe.

Recommended for you