NEWS

Cibitoke : Ubutungane bwarekuye Imbonerakure zibiri za CNDD FDD

on

Ubutungane bwo mu ntara ya Cibitoke bwarekuye imbonerakure zibiri za CNDD FDD zahora zipfunzwe zagirizwa ubugizi bwa nabi. Ishavu n’amakenga ni vyinshi mu banyagihugu bo muri iyo ntara basaba ko ubutungane bwokora.

Abo barekuwe ni Gervais Hakizimana na Niyintunze Alexis batazira “Turitsa”, bompi bari bamaze indwi zitatu bafunzwe bagirizwa icaha c’ubwicanyi, kunyuruza, hamwe no gusaba amafaranga kugira barekure uwanyurujwe, muri komine ya Buganda, intara ya Cibitoke, mu buraruko bushira uburengero bw’igihugu.

Izo Mbonerakure zahagarikwa mu gihe umuntu yari yanyurujwe, ariwe Jacques Mbonimpa yari yatowe mu nzu yabo, muhira ku rugo rw’urwo rwaruka naho hakaba hari hatowe ibigwanisho.

Abajejwe intwaro n’abanyagihugu bafise ubwoba kubera iryo rekurwa ry’izo mbonerakure, mu gihe icatumye barekurwa kitamenyeshejwe. Ariko idosiye yabo yoba ikiriko irigwa.

Bamwe mu bajejwe intwaro bagasaba ko urwo rwaruka rwosubira gufatwa. Batinya ko abanyagihugu bashobora kwihanira kuko ubutungane butariko burakora kuri ico kibazo c’izo Mbonerakure za CND FDD.

Recommended for you