Ibimenyetso bigaragaza inzara biratanguye kwibonekeza muri komine Rugombo , mu ntara ya Cibitoke. Muri ino minsi, Abatari bake mu banyagihugu rirarenga atawukoze ku munwa . Bamwe bamwe bakaba batanguye guhinduka ku mibiri. Bagasaba Leta kwemanga ko inzara yinjiranye abanyagihugu bo mw’ako karere gutyo bagabarwa batarasinzikara.
Muri komine ya Rugombo niho biboneka ko inzara ari nyinshi cane mu banyagihugu. Nkuko amakuru aturuka mw’iyo komine abivuga, Abanyagihugu batari bake bo muri iyo komine bashobora kumara umusi ataco bahereje umunwa bitewe nuko ataho bagifise baronderera ubuzima , imvura ntiyaguye neza mu gihe c’impeshi, umwavu w’ihinguriro FOMI nawe uza usongera isibe kuko watevye cane mukuboneka.
Abakora mu gisata c’amagara y’abantu muri ntara ya Cibitoke nabone baremeza ko muri iyo komine hari ikibazo gikomeye c’inzara, bakavuga ko bamaze igihe bakira abantu bafise ibimenyetso vy’inzara hamwe no gufungura nabi, nko kugira imishatsi ibenje no kwonda cane ndetse bakamenyesha ko ico kibazo gishobora gutera intara yose baravye ibiharuro biva no muzindi komine zigize iyo ntara ya Cibitoke. Abanyagihugu bo muri komine Rugombo bagasaba Leta kwihutira nyabuna kubatabariza mu kubakira imfashanyo mu mashirahamwe mpuzamakungu maze amazi atararenga inkombe.