Tuesday, March 28, 2023
HomeTrendingCibitoke: Ibiziga icenda vy’abarwanyi b’abanyarwanda vyaratowe mu kibira.

Cibitoke: Ibiziga icenda vy’abarwanyi b’abanyarwanda vyaratowe mu kibira.

Ku muhingamo wo kuri uyu wa gatanu niho abararirizi b’ishamba cimeza rya Kibira babona ibiziga icenda biriko bibora ku mutumba Gafumbegeti. Ni muri zone Butahana muri komine Mabayi y’intara ya Cibitoke. Abanyagihugu begereye ico kibira bavuga ko ivyo biziga biguma bitorwa vyisubiriza.

Nkuko tubikesha ikinyamakuru Sos Medias Burundi, Intambara za nyuma hagati y’igisirikare c’uburundi n’abarwanyi Leta y’urwanda zahitanye abarwanyi icenda b’abanyarwanda . Umwe mu banyagihugu ararira ishamba rya kibira yavuganye na Sos Medias Burundi agira ati :
“Bishoboka ko vyoba ari ibiziga vyatowe biriko birabora bikaba vyari vyambaye umwambaro wa gisirikare ca Congo ,bikaba vyatawe kuri uyu wa gatanu ku nkengera y’ikibira”

Isoko mu gisirikare c’uburundi ritomora mbere ko intambara zikomeye zabaye hagati y’igisirikare c’uburundi n’abo barwanyi b’abanyarwanda bafise ibirindiro muri Congo zatumye igisirikare c’uburundi gifata ibirwanisho vyinshi bito bito na binini. “Ibirindiro bitari bike na vyonyene vyarafashwe . Bari babirimwo kuva muri 2015” Niko ayo masoko mu gisirikare c’uburundi abandanya avuga.

Must Read