Sunday, March 26, 2023
HomeNewsCibitoke= Abasirikare, abapolisi n-imbonerakure baboneka ku bwinshi mw-ishamba rya kibira.

Cibitoke= Abasirikare, abapolisi n-imbonerakure baboneka ku bwinshi mw-ishamba rya kibira.

Kuva mw-iy-indwi turiko turasozera mw-ishamba rya Kibira ryegereye amakomine ya Bukinanyana na Mabayi  niho hatangura kuzanwa  abasirikare , igipolisi barikumwe n-imbonerakure benshi cane kandi bitwaje ibirwanisho bikomakomeye biboneka ko biteguye kurwana n-umwansi ari mw-iryo shamba rya kibira.Cibitoke: arrestation de deux hommes... - SOS Médias Burundi | Facebook

Kubw-amakuru ava mu gisirikare c-uburundi amenyesha ko abo bitwaje ibirwanisho ari abarwanya ubutegetsi bw-igihugu c-urwanda nikwo kuza gucumbikira mw-iryo shamba inyuma y-ukwirukanwa mubirindiro vyabo vyari mu gihugu ca Congo. Igisirikare c-uburundi kikagomba kutuza iyo mihari mw-iryo shamba mu ntumbero yo gushitsa ku masezerano bemeranije  n-igihugu c-urwanda  ko bobafasha mu gutuza imihari yose yitwaje ibirwanisho irwanya ico gihugu isanzwe icumbikiye k-ubutaka bw-uburundi na cane cane mw-ishamba rya Kibira ryegereye u Rwanda.Akatari gake iyo mihari yama yatanye mu mitwe n-igisirikare c-uburundi mu gihe bahuriye mw-iryo shamba bariko barakizura aho hasiga ubuzima abatari bake ku mpande zose.

Ejo kuwa kane mu masaha  yo kumuhingamo k-umusozi wa Mvyaye muri komine Bukinanyana niho haboneka abasirikare, igipolisi n-imbonerakure benshi bitwaje ibirwanisho bikomakomeye bariko binjira mw-ishamba rya kibira n-inyuma yaho bari bahawe amakuru n-abamwe bagera kuri bane bavuga ikinyarwanda bari bahejeje kufatwa mw-isoko y-I Ndora aho bavuga  ko bagenzi babo basigaye mu kibira bahava baja gutera u Rwanda . Ayo makuru bari bahawe n-abo bafashwe  yaratumye abanyagihugu begereye ico kibira batarara mu mihana yabo mu gutinyira ibitero vy-iyo mihari.

Abanyagihugu begereye ishamba rya Kibira bamenyesha ko  abasirikare  n-abapolisi borwizwa cane mw-ivyo bice kugira umutekano n-amahoro bigaruke.

 

 

 

 

 

Must Read