Tuesday, February 7, 2023
HomeNewsCibitoke: Abantu barenga 200 bari bamaze umwaka baba ku musozi muremure...

Cibitoke: Abantu barenga 200 bari bamaze umwaka baba ku musozi muremure barindiye umwuzo wa Yesu.

Abantu barenga 200 bavuga ko biyonkoye kw’idini ry’aba Adventiste bo ku musi w’indwi bari bamaze umwaka bibera mu masengesho ku musozi muremure wa Ruhero (mu ntara ya Citoke) mu ntumbero yo kurindira umwuzo wa Yesu kristo.Image

Kuri uyu wa gatanu, niho buramatari w’intara ya Cibitoke arikumwe n’igipolisi hamwe  n’abajejwe intwaro baturuka mu makomine ane (Murwi, Mabayi, Rugombo, Mugina) asanzwe ahana imbibe n’uwo musozi wa Ruhero bishikira kw’uwo musozi  maze bafata ingingo yo kwirukana abo bantu kugira basubire mu ntara zitandukanye baje bavamwo.

Abajejwe intwaro muri iyo ntara ya Cibitoke bamenyesha ko badashobora kwemera abantu bata izabo bagakura abana ku mashure bitwaje Imana. Abana bari kumwe n’abavyeyi bari kw’uwo musozi wa Ruhero ntibaja kw’ishure hamwe n’abandi. Umwe mw’abo bavyeyi  baba kw’uwo musozi amenyesha ko abana babo bafise ukwo babigisha.

Nkuko tubikesha iradiyo Ijwi rya Amerika, Uwitwa Estella Irankunda ari mu bagiye gusengera kw’uwo musozi kugira barindire umwuzo wa Yesu , amenyesha ko ibibashikira vyose bitabatera ubwoba kuko ngo biba vyarahishuwe.

Buramatari w’intara ya Cibitoke, Carême Bizoza amenyesha ko badashobora kwemera ko haba abantu mu ntara arongoye bigenza uko bishakiye  mu kurenga amategeko y’igihugu. Akaba yasavye abanyagihugu b’aho i Ruhero gufashanya n’abajejwe intwaro hamwe n’abajejwe umutekano bagiye kuhacumbikira kugira ntihagire abantu basubira kubinjirana bitwaje ugusenga.

 

Must Read