NEWS

Abajejwe umutekano bikanze abarwanyi bajabutse urubibe binjira mu Burundi

on

Amasase yumvikanye ku muhingamo wo kuri uwu w’Imana i Buganda (intara ya Cibitoke) hafi y’uruzi Rusizi, ku rubibe rw’Uburundi na Kongo.

Abajejwe umutekano ku ruhande rw’Uburundi baguma bagavye. Abantu bahegereye bavuga ko ayo masase afitaniye isano n’abagwanyi boba bafise umugambi wo kujabuka urubibe baza mu Burundi.

Ubu ibintu birazazanye mu gihe hari abemeza ko ari abaroberi bo muri Kongo b’abamayi mayi bariko batana mu mitwe n’abasoda bo muri Kongo (FARDC).

Uwurongoye igiporisi mu ntara ya Cibitoke akaba ahakana ayo makuru.

Kuva mu ntango z’iyi ndwi , ibintu bisa n’ibishushe mu kiyaya ca Rusizi.

Abanyekongo bashika 700 baramaze guhunga izo ngwano zihuza igisoda ca Kongo n’aba mayi mayi .

Baca bakirwa mw’ikambi mfatakibanza ya Cishemere ku birometero bidashika 2 uva ku mugwa mukuru w’intara.

Recommended for you