Wednesday, March 29, 2023
HomeTrendingCibitoke: Abajejwe umutekano hamwe n-imbonerakure bongerejwe cane ku mupaka w-uburundi na Congo.

Cibitoke: Abajejwe umutekano hamwe n-imbonerakure bongerejwe cane ku mupaka w-uburundi na Congo.

Kuva ku muhingamo wo kuri uyu wa gatandatu, uruja n-uruza rutari rumenyerewe rw-abasirikare, abapolisi  bitwaje inkoho zikomakomeye hamwe n-imbonerakure  rwaribonekeje ku mupaka w-uburundi na Congo neza na neza mu ma komine ya Buganda na Rugombo, asanzwe ari mu ntara ya Cibitoke. Amakuru atangwa n-umwe mu basirikare yemeza ko baronse inkuru ibabwira ko abarwanyi b-abarundi batuye mu gihugu kibanyi ca Congo boba biteguye kwinjira bagatera uburundi.Averting Proxy Wars in the Eastern DR Congo and Great Lakes | Crisis Group

Nk-uko tubikesha ikinyamakuru SOS MEDIAS Burundi, nuko  imisozi ya Kagazi na Rusiga yo muri komine Rugombo hamwe n-imisozi ya Ruhagarika ,Gasenyi, Kaburantwa na Nyamitanga  yose yo muri komine Buganda ariyo yibonekezamwo urwo ruja n-uruza rw-abajejwe umutekano barikumwe n-urwaruka rw-imbonerakure,rwegamiye umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD.

Nk-uko bivurwa n-intwaza ngabo mu gisirikare  ikorera mu ntara ya Cibitoke, nuko abanyagihugu b-aba kongomani batuye mu bice vya Lemera na Gahanda mu kiyaya ca Rusizi , mu karere ka Uvira aribo batanze amakuru mu gisirikare c-uburundi  ko borikanura umwansi ashobora kubaca muryahumye akinjira gutera igihugu c-uburundi yinjiriye mu makomine ya Buganda na Rugombo yo mw-iyo ntara ya Cibitoke.

ˮ Biraboneka ko imirwi irwanya Leta y-uburundi iriko iritegura gutera igihugu, niyo mpamvu twatewe akamo hama dufata icemezo co gucungera umutekano bikomeye ku mupaka‟ Niko iyo intwaza ngabo yabandanije ivuga. Abanyagihugu bo ku musozi Nyamitanga batekewe n-ubwoba inyuma yaho baboneye abo bajejwe umutekano batari bamenyerewe barikumwe n-imbonerakure  zitwaje imipanga hamwe n-ibihiri.

Uwutwara ikambi ya gisirikare ya Cibitoke hamwe n-uwurongoye igipolisi mu ntara ya Cibitoke bararemesha abanyagihugu bo mw-ubwo buce bwibonekezamwo abajejwe umutekano benshi , ko batogira ubwoba kuko bisanzwe ari ibikorwa vya misi yose vyama vyakozwe, ariko bagasabwa kudomako urutoke k-umuntu wese yoba yataramenyerewe babonye mw-ako karere.

 

Must Read