NEWS

Charli na Nina barashima uko igiteramo cabo cagenze i Bujumbura

By

on

Charlotte Rulinda na mugenzi we Fatuma Muhoza bagize umugwi charly na nina baraye bakoze igiteramo batazigera bibagira mu buzima bwabo nkuko babituyagiye mu kiganiro baraye bahaye ikinyamakuru cacu ubmews.

Baganira n’ ikinyamakuru cacu ubmnews charly na nina bakaba batuyagiyeko bumva umunezero mwinshi cane kubona bakoze igiteramo cabo irya mbere hano mugihugu c’ uburundi,igiteramo cagenze neza cane,igiteramo cari citabwe n’ isini ry’ abantu bakunda cane abo baririmvyikazi bo mu gihugu c’ urwanda.

Twobamenyesha ko charly na nina bashoboye kuririmba na zimwe mu ndirimbo z’ abarundi zikundwa cane nka: yasa nirirenga ya bayaga n’ izindi