NEWS

Charles Mukasi arahakana kuba ari mubagandaguye Président Ndadaye

By

on

Uyo yahoze arongoye umugambwe Uprona mu myaka ya 1994-1998 arasabwa kurenguka m’ubutungane  muri sentare ntahinyuzwa y’i Bujumbura itariki 8 gitugutu uyu mwaka. Charles Mukasi ubu ari m’ubuhungiro akaba yiyamiriza ico caha, akaba adashimishwa n’ingene ubutungane bukora. Wewe akavuga ko ahubwo bomusaba kurondera uwishe Président Ndadaye n’abagize ihonyabwoko inyuma y’iryo gandagurwa.

Charles Mukasi akavuga ko urwo rubanza barutinya kuruca ngo kuko ruba rwacice kuva kera, akavuga ko yofasha gutora abamwishe n’abatumye bamwica. Uwo yahoze arongoye umugambwe Uprona akavuga ko abishe Président Ndadaye n’abagize ihonyabwoko boja imbere y’amakungu bagasaba ikigongwe bakavuga ko bashaka gusubira kubana.

 

Charles Mukasi akavuga ko urwo rubanza rumurondera arigo guhuma amaso amakungu akavuga kandi ko atariwe yararongoye umugambwe Uprona igihe Président Melchior Ndadaye yagandagurwa.

Recommended for you