Mu mugambwe Frodebu baragabisha umurwi ujejwe gutegura amatora CENI ko bashobora kuva mu matora mu gihe batokwemera gukora ivyo babasavye. Ivyo bikaba vyashikirijwe na Bamvuginyumvira Ferederiko asanzwe ari icegera c’uwurongoye umugambwe FRODEBU.
Uguhakana kwinshi kuranga abarongoye CENI ku bijanye n’icokorwa ngo amatora agende neza kuko ari ay’abarundi bose nikwo gushora gutuma uwo mugambwe FRODEBU usokora muri ayo amatora. Ivyo babasavye vyose nkuko bishikirizwa na Ferederiko ngo nta na kimwe bashima gukorerako, ivyo rero ngo babikora kubera bumvise ko abanyamigambwe batazoreka kuja mu matora yo muri uno mwaka.
Bamvuginyumvira ntareka no kumenyesha ko aho bariko barandikira abazokwitoza naho nyene hakwiye kwirwa neza, ngo kubera basavye ko hojanwa umuhinga wundi ngo arabe uko ibikorwa biriko biragenda avuge uko abibona baravyirengagiza.
Twobibutsa ko umugambwe Frodebu uri muri ya migambwe yasokora mu matora ya 2010