NEWS

Cankuzo : Abantu 60 bikeka ko bahawe uburozi ku munsi umwe

By

on

Abantu bagera kuri 60 nibo bariko barakurikiranwa kw’ivuriro ritoya rya Murehe, intara ya Cankuzo, inyuma y’aho barwariye rimwe, batazi ico babaye.

Intango y’ivyo, nk’uko mu giporisi bavyemeza, kuri uwu wa mbere igenekerezo rya mbere Gitugutu 2018 hari umunsi mukuru kw’ishengero rya Adventiste riri ku musozi Murehe, intara ya Cankuzo. Abakirisu bo kuri iryo shengero barasangiye ibifungurwa, ariko inyuma y’aho, abagera kuri 60 bafatwa n’ingwara batazi. 30 muribo baremvye kurusha abandi bariko bavurirwa ku bitaro bitoya vya Murehe, intara ya Cankuzo.’

Bamwe mu bariye izo mfungurwa bikeka ko boba bahawe uburozi, ariko mu giporisi bakaba bataravyemeza. Amatohoza yatanguye.

Recommended for you